Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Abagore bagendaniye na Yesu

Abagore batanga ivyo gushigikira igikorwa baravugwa amazina. Umugani w'ubwoko bw'ubutaka usigura igituma ijambo rya Data ritagira ico rishikako kuri bamwe. Aturuza umuyaga, abohora umugabo yitwa Legiyoni abo babanye bakamusaba kugenda, hanyuma akiza umugore yava amaraso kandi azura umukobwa wa Yayiro.

Igice 8.

Haciye akanya gatoyi, aca aca mu bisagara no mu midugararo, yigisha kandi atangaza inkuru nziza y’ubwami bwa Data wa twese. Ba bandi cumi na babiri bari kumwe na we, hamwe n’abagore bamwe bari bakijijwe amashetani mabi n’indwara: Mariya, yitwa Magidalena, uwo amashetani indwi yari yavuyemwo, na Yohana, umugore wa Kuza, umucungezi wa Herodi, na Suzana, n’abandi benshi, abafasha mu bwikung’ bwabo bwite.

Isinzi ry’abantu ryegeranijwe, abantu bavuye mu bisagara vyose baza aho ari, araheza aravuga mu mugani ati:

“Umubivyi yagiye kubiba. Uko yariko arabiba, imbuto zimwe zagwa mu nzira, ziribatwa, inyoni zo mw’ijuru zirazirya. Izindi zagwa ku rutare; zimaze kumera, zirayabirana kubera zitari zifise ububombe. Izindi zagwa mu mahwa, maze amahwa aramerana na zo arazinyonyoza. Izindi mbuto zagwa mu vu ryiza, ziramera, zama incuro ijana.” Avuze ivyo, araheza aritura ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”

Abigishwa biwe baramubaza ico uwo mugani wasobanura.

Avuga ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ubwami bwa Data wa twese; abandi bahabwa imigani, kugira ngo ‘barabe ntibabone, kandi bumve ntibatahure.’”

“Nuko uwo mugani ni uyu: Imbuto ni ijambo rya Data wa twese. Abari mu nzira ni abumva; maze Shetani agaca aza agakura iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe. Abari ku rutare ni abumva iryo jambo bakaryakirana umunezero, ariko ntibafise imizi; bemera akanya gato, maze bagaheba igihe c’ikigeragezo. Izagwa mu mahwa: aba ni abumva, ariko mu kugenda kwabo, amaganya y’ubu buzima, ubutunzi n’ivyishimo vy’isi bibanyonyoza, maze ivyamwa vyabo ntibikure. Mugabo uwo mu vu ryiza: aba bumva iryo jambo bafise umutima utagira uburyarya kandi mwiza, bakarigumya rikomeye, maze bakama ivyamwa biciye ku kwihangana.”

Umuco udashobora guhishwa

“Nta muntu adomeka itara, akariteka mu nkono, canke akaritereka munsi y’uburiri; ahubwo ariteka ku gitereko, kugira ngo abinjira babone umuco. Kuko ata na kimwe gihishwe kitazohishurwa, nta na kimwe ciherereye kitazomenyekana ngo kizanwe mu muco. Ni co gituma mwitonde ingene mwumva, kuko uwufise azorushiriza guhabwa; uwutagira, mbere n’ico yiyumvira ko afise azokivutswa.”

Umuryango wa Data wa twese

Nyina na bene wabo baje aho ari ariko ntibashobora kumushikira kubera isinzi ry’abantu. Nuko babimubwira bati: “Nyoko na bene wanyu bahagaze hanze, bipfuza kukubona.”

Mugabo arabishura ati: “Mawe na bene wacu ni abumva ijambo rya Data wa twese bakaryubahiriza.”

Yesu ategeka umuyaga mwinshi

Umusi umwe we n’abigishwa biwe baringira mu bwato. Arababwira ati: “Tujabuke tuje hakuya y’ikiyaga.” Nuko barashikama.

Uko bariko baratwara ubwato, aca arasinzira. Umuyaga mwinshi uca uramanuka ku kiyaga; ubwato bwuzura amazi, maze baba mu kaga. Baramukangura bati: “Mwigisha, Mwigisha, turapfuye!” Araheza arahaguruka, akankamira umuyaga n’amazi yashwiragira; biraheza biratekana, haba amahoro. Arababaza ati: “Ukwizera kwanyu kuri hehe?” Bafise ubwoba n’agatangaza, babwirana bati: “None uyu ni nde? Ategeka mbere n’imiyaga n’amazi, biba birumvira.”

Umugabo yakuwe mu ngoyi za Legiyoni

Nuko bashikama baja mu karere k’Abanyagerasa, kari hakuya ya Galileya. Yesu agikandagira ku musozi, umugabo yari afise amashetani wo muri ico gisagara aca aramusanganira. Imyaka myinshi yari amaze atambaye impuzu, kandi ntiyabaye mu nzu ahubwo yari mu mva. Abonye Yesu, aca atura amajwi, yikubita imbere yiwe, avuga n’ijwi rirenga ati: “Unshakako iki, Yesu, Mwana w’Imana Isumba vyose? Ndakwinginze, ntunbabaze!” Yesu yari yategetse ishetani ryanduye kuva muri uwo mugabo, kuko ryari ryamufashe kenshi; naho yacungerwa akaboshwa iminyororo n’amapingu, yarayataba maze ishetani rikamutwara mu bugaragwa.

Yesu aramubaza ati: “Witwa gute?” Avuga ati: “Legiyoni,” kuko amashetani menshi yari yaramwinjiyemwo.

Nuko aramwinginga ngo ntayategeke kuja mu rwobo rutagira amaherezo.

Haho hari ubusho bunini bw’ingurube bwariko bwararisha ku musozi. Amashetani aramwinginga ngo abareke yinjire mu ngurube, maze arabireka. Nuko amashetani ava muri uwo mugabo yinjira mu ngurube; ubusho bwose buca bumanukira ku rutare bugwa mu kiyaga maze buraroha.

Abungere babibonye, baca barahunga, bavuga ivyabaye mu gisagara no mu gihugu. Abantu baraza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, basanga uwo mugabo yavuyemwo amashetani yicaye ku birenge vya Yesu, yambaye impuzu kandi afise ubwenge busanzwe—maze baterwa ubwoba. Nuko abari babibonye babagana ingene uwo mugabo yari afise amashetani yakijijwe. Abantu bose bo mu karere k’Abanyagerasa baramusaba ngo ave iwabo, kuko ubwoba bwinshi bwari bwabafashe. Nuko aca aja mu bwato arasubira inyuma. Uwo mugabo amashetani yari yavuyemwo aramwinginga ngo agende na we, mugabo Yesu aramurungika avuga ati:

“Subira iwanyu; umenyeshe ingene Data wa twese yagukoreye ibihambaye.” Nuko aragenda, atangaza mu gisagara cose ingene Yesu yari yamukoreye ibihambaye.

Gukizwa no kuzurwa biciye ku kwizera

Nuko Yesu asubiye inyuma, isinzi ry’abantu riramwakira, kuko bose bari bamurindiriye. Umugabo yitwa Yayiro, umutware w’isinagogi, araza yikubita ku birenge vya Yesu, aramwinginga ngo aze iwe, kuko yari afise umukobwa umwe rudende, w’imyaka nk’icumi na ibiri, yariko arapfa. Uko Yesu yariko aragenda, isinzi ry’abantu ryaramukingishiriza. Umugore umwe yari amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso; yari yamaze ubutunzi bwiwe bwose ku baganga, mugabo nta n’umwe yashoboye kumukiza. Aza inyuma yiwe, akora ku gishwaya c’umwambaro wiwe, maze ukuva amaraso kwiwe guca guhagarara ako kanya.

Yesu aravuga ati: “Ni nde yankozeko?” Bose bavyihakanye, Petero avuga ati: “Mwigisha, isinzi ry’abantu rirakubundikiye kandi riragukanyagiza.”

Mugabo Yesu avuga ati: “Hari uwankozeko, kuko numvise ubushobozi buvuyemwo.”

Uwo mugore abonye ko adashobora kwiguma yihishije, aca araza aradendema, yikubita imbere yiwe, maze amenyesha imbere ya bose igituma yamukozeko n’ingene yakize ako kanya.

Nuko aramubwira ati: “Mukobwa, ukwizera kwawe kuragukijije; genda amahoro.”

Agihejeje kuvuga, umuntu yavuye mu rugo rw’umutware w’isinagogi aca avuga ati: “Umukobwa wawe arapfuye; ntugacumukure Umwigisha.”

Mugabo Yesu abyumvise aramwishura ati: “Ntutinye; uhereze wizere gusa, maze azokizwa.”

Ashitse mu nzu, nta wundi yaretse yinjirana na we atari Petero, Yohana, Yakobo, na se w’umwana na nyina.

Bose bariko bararira kandi bamuborogera, mugabo avuga ati: “Ntimurire, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye.”

Nuko baramutwenga, kuko bamenye ko yari yapfuye.

Mugabo aramufata ukuboko, atura ijwi ati: “Mwana, haguruka.”

Mpwemu wiwe aca aragaruka, maze ahaguruka ako kanya. Araheza ababwira ngo bamuhe ikintu co kurya. Abavyeyi biwe bataha agatangaza, mugabo arabategeka ngo ntibabwire umuntu n’umwe ivyabaye.