Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Nta n’umwe acika urubanza rwa Data wa twese

Paulo ahindukirira umusomyi yariko arinezererwa urutonde rw'ikigabane ca mbere. Gucira abandi urubanza ukora ivyo nyene birakwagiriza, kandi ivyubahiro vy'idini ntibikingira n'umwe — Data wacu ntagira nkunzi, kandi abanyamahanga batigeze bagira amategeko bashobora kuyakurikiza babitumwe n'umutima wabo.

Igice 2.

Nuko rero nta co wokwitwazwa, uwo uri we wese, igihe ucira urubanza uwundi; mu kumucira urubanza, uriko wiyagiriza wewe nyene, kuko ukora ivyo nyene. Turazi rero ko urubanza rwa Data wa twese rucira abakora ivyo bintu ari rwo rukwiye. Mbega wiyumvira ko wewe ucira abandi urubanza kubera ivyo bintu kandi ubikora, ko uzocika urubanza rwa Data wa twese? Canke wewe ukengera ubutunzi bw’ubuntu bwiwe n’ukwihangana n’ukwiyumanganya kwiwe, utabona ko ubuntu bwa Data wa twese bugushikana ku kwigaya? Ariko kubera umutima wawe ukomantaye udashaka kwigaya, uriko wiziganiriza uburake, ku musi w’uburake igihe urubanza rugororotse rwa Data wa twese ruzohishurwa. Azohemba umuntu wese nk’uko ivyo yakoze biri. Abarondera ubuninahazwa n’iteka n’ubutadashira biciye ku kudadarara mu gukora iciza, azobaha ubugingo budashira. Ariko abiyironkera ivyabo, bakanka ukuri, bagakurikira ububi, bazoshikirwa n’uburake n’ishavu. Amagorwa n’amarushwa ku muntu wese akora ikibi, Umuyuda abanza, hanyuma Umugiriki, ariko ubuninahazwa n’iteka n’amahoro ku bantu bose bakora iciza, Umuyuda abanza, hanyuma Umugiriki. Kuko Data wa twese ataroba mu bantu. Abacumuzi ata tegeko bafise na bo barapfa ata na ryo, abacumuzi bari munsi y’itegeko bazocirwa urubanza n’iryo tegeko. Kuko atari abumva itegeko ari bo bagororotse imbere ya Data wa twese, ahubwo abaryubahiriza ni bo bazogorororwa. Kukaba nkako, igihe abanyamahanga, batafise itegeko, bakora mu buzima bwabo ivyo itegeko risaba, iryo tegeko riba rikora muri bo, naho batafise itegeko. Berekana igikorwa c’itegeko canditswe ku mitima yabo, kandi ijwi ry’imitima yabo rikabishingira intahe, n’ivyiyumviro vyabo bivuguruzanya bikabagiriza canke bikabaregera. Ivyo bizoba ku musi Data wa twese azocira urubanza amabanga y’abantu bose biciye kuri Yesu Kristo, nk’uko inkuru nziza yanje ibivuga. a a v16 Data wa twese ni we mucamanza, ariko acira urubanza biciye ku Mwana wiwe, kuko Data yashinze Yesu urubanza rwose.

Itegeko ntirizogukiza

Ariko nimba wiyita Umuyuda, ukishimikiza itegeko, ukirata muri Data wa twese, nimba uzi ukugomba kwa Data wa twese, ukemanga ivyiza kuko wigishijwe n’itegeko, nimba wizeye ko uri umuyobozi w’impumyi, umuco w’abari mu mwiza, umuhanuzi w’ibijuju, umwigisha w’abatarahumuka, ufise mw’itegeko ishusho y’ubwenge n’ukuri. Wigisha abandi, mbega ntiwigisha wewe nyene? Wamamaza ngo ntihagire usuma, mbega wewe urasuma? Wewe ubwira abandi ngo ntibasambane, mbega wewe urasambana? Wewe wanka ibigirwamana, mbega urambura amazu matagatifu? Wewe wirata itegeko, mbega ntutetereza Data wa twese mu kurenga itegeko? Nk’uko vyanditswe, ngo: “Izina rya Data wa twese rirarogotwa mu mahanga kubera mwebwe.” Ugukeberwa kurafasha nimba wubahiriza itegeko, ariko niwarirenga, ugukeberwa kwawe guhinduka ukutakeberwa. Nuko rero nimba utakebewe yubahiriza ivyo itegeko risaba, mbega ukutakeberwa kwiwe ntikuzoharurwa nk’ugukeberwa? Uwutakebewe mu mubiri yubahiriza itegeko azogucira urubanza wewe, naho ufise icanditswe n’ugukeberwa, urenga itegeko. Kuko kuba Umuyuda atari ukw’inyuma gusa, eka n’ugukeberwa ntikwo kw’umubiri gusa. Ahubwo umuntu ni Umuyuda mu mutima, kandi ugukeberwa ni ukw’umutima, biciye kuri Mpwemu, atari ku canditswe; uwo muntu ishimwe ryiwe ntiriva ku bantu, ariva kuri Data wa twese.