Data arungika ijwi ryiwe
Yohana yamamaza mu bugaragwa, abantu bakamubaza kenshi ico bakwiye kugira koko: gusangira ishati, kutaka ibirenze, kutanyaga. Avuga icaha ca Herode, agashirwa mu bohero kubera ivyo. Yesu abatizwa hamwe n'abandi bose, maze Data amwita Umwana wiwe akunda.
3 1Mu mwaka ugira cumi na gatanu w’ingoma ya Tiberiyo Sezari, igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari w’i Yudaya, Herodi akaba tetaraki w’i Galilaya, Filipo mwene wabo akaba tetaraki w’intara ya Ituraya n’iya Tirakoniti, na Lisaniya akaba tetaraki w’i Abileni, 2mu gihe Anasi na Kayifa bari abaherezi bakuru, ijambo rya Data wa twese ryashikiye Yohana mwene Zekariya mu bugaragwa. 3Araca mu ntara yose ya Yorodani wose, yamamaza ubatizo bwo kwigaya kugira ngo bababarirwe ibicumuro, 4nk’uko vyanditswe mu gitabu c’amajambo ya Yesaya umuhanuzi ngo: “Ijwi ry’uwurangurura mu bugaragwa riti: Nimutegure inzira y’Umwami, mugorore amabarabara yiwe. 5Imifuku yose izokwuzuzwa, imisozi n’udusozi vyose bimanurwe. Inzira zagoramanye zizogororoka, n’amabarabara amananyi abe meza, 6kandi abantu bose bazobona agakiza ka Data wa twese.”
7Yohana aca abwira amasinzi yaza kubatizwa na we ati: “Yemwe uruvyaro rw’imamba! Ni nde yabamenyesheje ngo muhunge uburake buri bugire buze? 8Nimwame rero ivyamwa bibereye ukwigaya. Ntimutangure kwibwira muti: ‘Dufise Aburahamu nka data wacu.’ Kuko ndabibabwira yuko Data wa twese ashobora kuvyurira Aburahamu abana ava muri aya mabuye. 9Nta kabuza ishoka iri ku muzi w’ibiti; igiti cose kidama ivyamwa vyiza gica giraca gikibikirwa mu muriro.”
10Nuko amasinzi aramubaza ati: “None twokora iki?”
11Arayishura ati: “Uwufise amakanzu abiri nagabire uwutagira na rimwe; uwufise ibifungurwa na we agire gutyo.”
12Abatozakori na bo baraza kubatizwa, baramubwira bati: “Mwigisha, twokora iki?”
13Arababwira ati: “Ntimutoze iciyongera ku vyo mwategetswe gutoza.”
14Abasoda na bo baramubaza bati: “Natwe tubigenze dute?” Arababwira ati: “Ntimunyage umuntu n’inguvu canke mu kumwagiriza ibinyoma; munyurwe n’impembo zanyu.”
15Abantu bari bafise ivyizigiro, bose bibaza mu mitima yabo nimba Yohana ubwiwe yoba ari we Kristo. 16Yohana arabishura bose ati: “Jewe ndabatiza n’amazi. Ariko haza uwuntamgwa, njewe sinkwiye no kumubohora umugozi w’inkweto ziwe. We azobabatiza na Mpwemu Yera n’umuriro. 17Afise uruhembero mu kuboko, azokweza aho akubitira, akoranirize ingano mu kigega ciwe, ariko ahenagure ururara n’umuriro utazima.”
18Ni ko rero Yohana, mu yandi majambo menshi yo guhimiriza, yamamariza abantu inkuru nziza. 19Ariko Yohana yarahanuye Herodi tetaraki kubera Herodiyada, umugore wa mwene wabo, no kubera ibibi vyose Herodi yakoze, 20maze Herodi yongerako iki ku vyo vyose: yugarira Yohana mu nzu y’imbohe.
Data yita Umwana wiwe Umukundwa
21Nuko abantu bose bamaze kubatizwa, Yesu na we arabatizwa. Ariko asenga, ijuru riruguruka,
22maze Mpwemu Yera aramumanukirako mu mubiri umeze nk’inuma. Haca ijwi rivugira mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje mukundwa; ndanezererwa muri wewe.”
23Yesu yari afise nk’imyaka mirongo itatu igihe yatangura igikorwa ciwe. Yabwirwa ngo ni umwana wa Yozefu, mwene Heli, 24mwene Matati, mwene Lewi, mwene Meluki, mwene Yanayi, mwene Yozefu, 25mwene Matatiya, mwene Amosi, mwene Nahumu, mwene Esuli, mwene Nagayi, 26mwene Mahati, mwene Matatiya, mwene Semeyini, mwene Yoseki, mwene Yoda, 27mwene Yowanani, mwene Resa, mwene Zerubabeli, mwene Shalatiyeli, mwene Neri, 28mwene Meluki, mwene Adi, mwene Kosamu, mwene Elumadamu, mwene Eri, 29mwene Yosuwa, mwene Eliyezeri, mwene Yorimu, mwene Matati, mwene Lewi, 30mwene Simeyoni, mwene Yuda, mwene Yozefu, mwene Yonamu, mwene Eliyakimu, 31mwene Meleya, mwene Mena, mwene Matata, mwene Natani, mwene Dawidi, 32mwene Yese, mwene Obedi, mwene Bowazi, mwene Salumoni, mwene Nahashoni, 33mwene Aminadabu, mwene Adimini, mwene Arini, mwene Hesironi, mwene Peresi, mwene Yuda, 34mwene Yakobo, mwene Isaka, mwene Aburahamu, mwene Tera, mwene Nahori, 35mwene Serugi, mwene Rewu, mwene Pelegi, mwene Eberi, mwene Shela, 36mwene Kayinani, mwene Arupakasadi, mwene Shemu, mwene Nowa, mwene Lameki, 37mwene Metusela, mwene Henoki, mwene Yaredi, mwene Mahalaleli, mwene Kayinani, 38mwene Enosi, mwene Seti, mwene Adamu, mwene Data wa twese.