Urukundo ntirugira abo rutonera
Kwicaza neza umutunzi n'umworo hasi bihindura ishengero umucamanza afise imigambi mibi, kandi Data wacu yahisemwo aboro ngo babe abatunzi mu kwizera. Ukwizera kugaburira umuvukanyi ashonje amajambo gusa ni ukwapfuye.
2 1Bavukanyi banje, mwebwe abizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubwiza, ntimugatonere abantu. 2Fate ngo haze umuntu ambaye impeta ya zahabu n’impuzu nziza yinjira mw’ikoraniro ryanyu, hanyuma hinjire n’umworo yambaye impuzu zishwanyaguye. 3Nimwitwararika uwambaye neza maze mukamubwira muti: “Icara ng’aha, ku ntebe nziza,” mugabo mukabwira umworo muti: “Hagarara hirya,” canke muti: “Icara hasi iruhande y’ibirenge vyanje,” 4mbega ntimwaba mutoneye abandi muri mwebwe, mukaba abacamanza bayobowe n’imigambi mibi? 5Nimwumve, bavukanyi banje bakundwa: Mbega Data wa twese ntiyatoye aboro bo mw’isi ngo babe abatunzi mu kwizera, b’abaragwa b’ubwami yasezeraniye abamukunda? 6Mugabo mwebwe mwateye agahugu umworo. Mbega abatunzi si bo babahahaza bakabakwegera mu rwego rw’amategeko? 7Mbega si bo barogota izina rihambaye mwitiriwe?
8Nimwaba koko mwubahiriza itegeko ry’abami nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Kunda mugenzawe nk’uko wikunda,” mukora neza.
9Mugabo nimwatonera abantu, muba mucumuye, kandi itegeko ribahamya ko muri abarenga amategeko. 10Uwukurikiza amategeko yose mugabo akagwa mu kintu kimwe, aba ariko arenga yose. 11Kuko Data wa twese, we yabujije ubusambanyi, ni we kandi yabujije ukwica. Rero nimwirinda ubusambanyi mugabo mugakora ukwica, muba muri abarenga amategeko. 12Nimuvuge kandi mukore nk’abantu bazocirwa urubanza n’itegeko ry’umwidegemvyo. 13Urubanza ntirugira imbabazi ku wutagize imbabazi; imbabazi zinesha urubanza.
Ukwizera gukora
14Vyungura iki, bavukanyi banje, iyo umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ata bikorwa afise? Mbega ukwo kwizera kworokwshobora kumukiza? 15Fate ngo umuvukanyi canke umuvukanyikazi aba yambaye nabi kandi abuze ivyo kurya vyo ku musi, 16maze umwe muri mwebwe akababwira ati: “Genda amahoro, wote umuriro kandi uhage,” ariko ntabahe ivyo bakeneye ku mibiri yabo, mbega ivyo bivungura iki? 17Ni na ko ukwizera, kwonyene, nikwaba kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye. 18Mugabo hari uwuzovuga ati: “Wewe ufise ukwizera, nanje mfise ibikorwa.” Nyereka ukwizera kwawe ata bikorwa, nanje nzokwereka ukwizera kwanje bivuye mu bikorwa vyanje. 19Wewe wemera ko Data wa twese ari umwe; ukora neza. N’amadayimoni nyene abyemera, agahinda umushitsi. 20Mbega wewe wipfuza ko ndakwereka, wa muntu w’igipfu we, ko ukwizera kudafise ibikorwa ata co kumaze? 21Mbega Aburahamu sogokuruza wacu ntiyaje kugororoka biciye mu bikorwa igihe yashikaniye umuhungu wiwe Isaka ku gicaniro? 22Urabona ko ukwizera kwakoranye n’ibikorwa vyiwe, kandi ukwizera kwarangijwe n’ibikorwa vyiwe. 23Ivyo vyarangurije Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Data wa twese, bicibwa ko ari ukugororoka kwiwe,” maze ahamagarwa umugenzi wa Data wa twese. a a v23 Aburahamu ntiyari umwizera wa Data wa twese gusa, ahubwo yahamagawe umugenzi wiwe. Iki ni co shingiro c’igituma Data wa twese adukurikirana: ntiyipfuza abasavyi bamutinya, ahubwo yipfuza abagenzi bamumenya. 24Urabona ko umuntu agororoka biciye mu bikorwa, atari mu kwizera gusa. 25Ni na ko, mbega Rahabu wa maraya ntiyaje kugororoka biciye mu bikorwa, igihe yakira intumwa maze akazirungikisha inzira itandukanye? 26Nk’uko umubiri udafise umwuka upfuye, ni na ko ukwizera kudafise ibikorwa kuba gupfuye.