Icipfuzo ciwe ni jewe
Umugabo amushima kuva ku birenge vyiwe vyambaye inkweto gushika ku mushatsi, anezerewe na we ku mugaragaro. Ntabyiyamiriza. Avuga ko urwo rwipfuzo ari urw'impande zombi, kandi ko ari urwiwe, maze amujana mu mizabibu no mu migumbi, aho yamubikiye ivyamwa.
7 1Ese ukuntu ibirenge vyawe biri vyiza biri mu nkweto, mukobwa w’ikirangamutima! Imirongo y’amatako yawe isa n’udusaro, igikorwa c’amaboko y’umuhinga uhanga. 2Umukondo wawe ni ibakure riniringanije ritabura umuvinyu uvanze. Inda yawe ni impinga y’ingano ikikijwe n’uburabyo. 3Amabere yawe yompi asa n’utwana tubiri tw’ingeregere, impanga z’ingeregere. 4Izosi ryawe risa n’umunara w’amahembe y’inzovu. Amaso yawe ni ibidende vyo i Heshiboni, hafi y’irembo rya Beti-Rabimu. Izuru ryawe risa n’umunara wa Lebanoni, uraba werekeza i Damasiko. 5Umutwe wawe uragutwikira nka Karumeli, n’umushatsi wawe umanitse usa n’ibara ritukura; umwami afatiwe mu minyololo yawo. 6Ese ukuntu uri mwiza kandi uhimbara, wa mukunzi, hamwe n’ivyiza vyawe vyose! 7Igihagararo cawe gisa n’igiti c’icitamu, n’amabere yawe asa n’amahundo yaco. 8Navuze nti: “Nzoduga ku citamu mfate ku vyamwa vyaco.” Amabere yawe nyagire ase n’amahundo y’umuzabibu, n’akamoto k’impwemu yawe gase n’utunyamwa twa pome, 9n’akanwa kawe kase n’umuvinyu mwiza kuruta iyindi. Utemba buhoro ku mukunzi wanje, ushengera buhoro ku minwa no ku menyo.
10Jewe ndi uwa mukunzi wanje, kandi icipfuzo ciwe ni jewe. 11Ngwino, mukunzi wanje, tuje mu bibanza turaramire mu bigwati. 12Tugende kare mu mirima y’imizabibu turabe ko imizabibu yabumvye, ko uburabyo bwaruguruye n’imikomamanga iri mu burabyo. Ng’aho ni ho nzoguha urukundo rwanje. 13Imandarake iratanga akamoto kayo, kandi hejuru y’inzugi zacu hari ivyamwa vyose vyiza, bishasha n’ivya kera, nabikubikiye wewe mukunzi wanje. a a v13 Imandarake vyari ibiterwa bimota neza, mu bihe vya kera abantu benshi bemera ko bivyura icipfuzo c’urukundo kandi bikongereza uburumbuke.