Kuri Tito, Umwana wanje w’ukuri
Amabwirizwa ahabwa Tito yerekeye ugushiraho abakurambere no kwigisha inyigisho nzima ku kirwa ca Kirete.
1 1Paulo, umusuku wa Data wa twese akaba n’intumwa ya Yesu Kristo, kubera ukwizera kw’abatowe na Data wa twese no kumenya ukuri kujana no kwubaha Imana, 2turi mu kwizigira ubugingo budashira, uwo Data wa twese atabesha na rimwe yasezeranye imbere y’uko ibihe bitangura, 3nuko mu gihe ciwe bwite yahishuye ijambo ryiwe biciye ku butumwa nashinzwe nk’uko Data wa twese, Umukiza wacu, yabitegetse. 4Kuri Tito, umwana wanje w’ukuri mu kwizera dusangiye: ubuntu n’amahoro bivuye kuri Data wa twese na Kristo Yesu Umukiza wacu.
Abakuru bo mw’ishengero bagaragaza kamere ya Data wa twese
5Nagusize i Kirete kubera iyi mpamvu: ngo urangize ivyari bisigaye kandi ushireho abakuru bo mw’ishengero mu gisagara cose, nk’uko nabigutegetse. 6Umukuru wo mw’ishengero categerezwa kuba umuntu adafise ikimwagiriza, umugabo afise umugore umwe, afise abana bizigirwa badashobora kwagirizwa ingeso mbi canke ubugarariji. 7Kuko umucungezi, akaba umubwiriza wa Data wa twese, ategerezwa kuba umuntu adafise ikimwagiriza, atari umwishima, atari uwuduga ubukari, atari imborerwa, atari umuntu w’ubukazi, atari umunyamwina w’indonke z’ikizira, 8ahubwo akira abashitsi neza, akunda iciza, yikomanya, agororotse, yera, kandi yifata runtu. 9Ategerezwa kugumya ashikamye ku butumwa bwizigirwa nk’uko bwigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi biciye ku nyigisho zizima no gukosora abazihakana.
10Kuko benshi ari abagarariji, bavuga ibitagira ikimazi bakazimiza abandi, canecane abo mu bagenyi b’ugukeba. a a v10 “Abagenyi b’ugukeba” ni abigisha bavuye mu Bayuda bashimika ko abemera bakomoka mu banyamahanga bategerezwa gukebwa kugira ngo bakizwe vy’ukuri. 11Bategerezwa guhwamikwa, kuko bononora imiryango yose, bigisha ibidakwiye, bironderera indonke y’agateterwa. 12Umwe mu bavugishwa babo yarabivuze ati: “Abanyekirete ni ababeshi iteka, ni ibikoko bibi, ni ibinebwe vy’ibisazi.” 13Ubwo buhamya ni ukuri. Ni co gituma ubakankamira bikomeye, kugira ngo bagire ukwizera kuzima, 14kandi ngo ntibitaho imigani y’Abayuda hamwe n’amategeko y’abahakana ukuri. 15Kuri abera vyose birahumanutse; ariko ku bononekaye n’abatizera, nta na kimwe gihumanutse, naho ari umutima canke ijwi ryo mu mutima vyarahumanye. 16Bavuga ko bazi Data wa twese, ariko bakamwihakana mu bikorwa vyabo, ni abazira, abatagamburuka, abatabereye igikorwa na kimwe ciza.