Gusengera abantu bose
Paulo abanza gusaba ko abantu bose basengerwa, n'abami nabo, kuko Data agomba ko abantu bose bakizwa, kandi umuhuza umwe, Kristo Yesu, yitanze ku bwa bose. Hanyuma abagabo basenge batagira ishavu, abagore bambare biyubashe, bige bacecetse, kandi ntibigishe.
2 1Nuko rero, ico mbanza kubasaba ni uko mwosengera abantu bose, mukabasabira, mukabatakambira, mukabashimira, 2musabire abami n’abafise ubutware bwose, kugira ngo tubeho ubuzima bw’amahoro n’ugutekana, tubayeho kwubaha Imana n’iteka ryose. 3Ivyo ni vyiza kandi birahimbara Data wa twese, Umukiza wacu, 4uwushaka ko abantu bose bakizwa bakamenya ukuri. 5Kuko hariho Data umwe gusa, kandi hakaba n’umuhuza umwe hagati ya Data n’abantu, na we akaba ari umuntu, ni we Kristo Yesu, 6uwitanze ngo abe incungu y’abantu bose, ari yo ntahe yatangwa igihe cabyo nticagera. 7Ni co catumye ngirwa umwamamaji n’intumwa, mvuga ukuri sindabesha, mba umwigisha w’amahanga mu kwizera no mu kuri. 8Nshaka rero ko abagabo bo mu bihugu vyose basenga, baramvuye amaboko yera, ata shavu canke impari.
9Muri ubwo buryo nyene, abakenyezi bambare mu buryo bubereye, bagize ubwitonzi no kwigumya, batisuka mu misatsi, canke muri zahabu, canke mu malute, canke mu myambaro y’igiciro kinini, 10ariko bambare ibikorwa vyiza, nk’uko bibereye abakenyezi bavuga ko bubaha Data wa twese. 11Umukenyezi yige acereje, yumvira ata kabuza. 12Sinemerera umukenyezi kwigisha canke gutwara umugabo; ahubwo abe umunyamutekano. 13Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma haza Eva. 14Kandi Adamu si we yahendwa, ariko umukenyezi ni we yahendwa akaba umucumuzi. 15Mugabo azokizwa biciye ku kwibaruka, nimba bazoguma mu kwizera no mu rukundo no mu bweranda, bafise no kwigumya. a a v15 Izina risubirira riva kuri ‘we’ rija kuri ‘bo’ — nk’uko biri mu rwandiko rw’intango — bishoboka ko ryerekeza ku bakenyezi muri rusangi abaguma muri ivyo bikorwa vyiza.