Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Zofari arishura

Zofari ararusha abandi gukarira: Yobu avuga cane, kandi Imana yamuhannye munsi y'ivyo icaha ciwe gikwiye. Kura icaha mu mahema yawe, ni ko avuga, maze ubuzima bwawe buzokwaka kurusha umutaga. Afise ukwizera kutagira amakenga, kandi ari kubibwira umuntu atagira icaha.

Igice 11.

Nuko Zofari Umunaamati arishura ati: “Mbega aya majambo menshi yoba atishurwa? Mbega umuntu yuzuye amajambo yoba yemezwa ko agororotse? Mbega amajambo yawe y’ubusa yoceceza abandi? Mbega uzotwenga ata n’umwe akumaramaza? Kuko uvuga uti: ‘Inyigisho zanje zeze, kandi ndi uwutyoroye imbere yawe.’ Ariko iyo Imana yovuga, ikagukingurira iminwa yayo ikakurwanya, ikakweretsa amabanga y’ubukerebutsi—kuko ubukerebutsi nyakuri bufise impande zibiri. Menya rero ko Imana yaguhannye bike kuruta uko icaha cawe gikwiye. Mbega woshobora gutahura ibintu vy’ubwiru vy’Imana? Mbega wogera aho Mushoboravyose agarukira? Biri hejuru kuruta amajuru—ni iki woshobora gukora? Biri munsi kuruta ikuzimu—ni iki woshobora kumenya? Ingero zavyo zirerire kuruta isi kandi zagutse kuruta ikiyaga. Niyaca akagufata akakugumiza mu munyororo, akaguhamagaza imbere y’urubanza, ni nde yomugarura inyuma? Kuko azi abantu b’ubusa; iyo abonye ibicumuro, mbega ntiyobyitaho? Ariko umuntu w’umupfu azohava aba inkerebutsi igihe akanyana k’indogoba yo mu gasozi kazovuka ari umuntu. Niwaba witegurije umutima wawe ukamuramvurira amaboko yawe, nimba igicumuro kiri mu kiganza cawe, ukikure, kandi ntureke ko akarenganyo kaba mu mahema yawe, uca wubura amaso yawe udafise iceyi; uzohagarara ushikamye kandi ntuzotinya. Uzokwibagira amagorwa yawe, uyibuke nk’amazi yamaze guhita. Ubuzima bwawe buzoca kuruta izuba ryo ku murango; umwiza wabwo uzoba nk’umutwenzi. Uzokwumva umerewe neza, kuko hariho icizigiro; uzoraba hirya no hino maze uryame amahoro. Uzoryama ata n’umwe azogutinyisha, kandi benshi bazorondera ubutoni bwawe. Ariko amaso y’ababisha azohwera; uburyo bwose bwo guhunga buzobabura, kandi icizigiro cabo conyene ni uguhema umwuka wa nyuma.”