Umuntu afise umugozi wo gupima
Umuntu agiye kugera Yerusalemu, bamubwira ko atavunika — igisagara kizorenga uruzitiro urwo ari rwo rwose. Data ubwiwe azoba uruzitiro rw'umuriro rukizungurutse n'ubuninahazwa buri muri co, kandi amahanga menshi azomwifatanya abe abana biwe.
2 1Nuko ndaraba hejuru, mbona umuntu afise umugozi wo gupima mu kuboko kwiwe. 2Ndabaza nti: “Uja hehe?” Arambwira ati: “Kuja gupima Yeruzalemu, kugira ndabe ubwaguke bwayo n’uburebure bwayo.”
3Nuko wa mumarayika yariko avugana nanje araheba, maze uwundi mumarayika araza kumusanganira, 4aramubwira ati: “Iruka, ubwire uyu musore uti: ‘Yeruzalemu izoba nk’igihugu kiganutse ata ruzitiro, kubera abantu n’ibitungwa vyinshi bizoba biri muri yo.’
5Jewe ubwanje nzoba uruhome rw’umuriro rukikuje, ni ko Data wa twese avuga, kandi nzoba ubwiza buri muri yo.’”
6“Nimuze! Nimuze! Nimuhunge igihugu c’i buraruko, ni ko Data wa twese avuga, kuko nabashwiragije nk’imiyaga ine yo mw’ijuru, ni ko Data wa twese avuga. 7Nuze, Siyoni! Niwikize, wewe uba kumwe n’umukobwa wa Babiloni.
8Ni ko avuga Data w’ingabo zo mw’ijuru, ubwiza bwiwe bumaze kunyirukira ku mahanga yabasahuye: uwukoze kuri mwebwe aba akoze ku mboni y’ijisho ryiwe:
9Kuko, raba, nzozungagiza ukuboko kwanje hejuru yabo, bazoba inyaga ku bantu babakoreye. Nuko muzomenya ko Data w’ingabo zo mw’ijuru ari we yantumye.
10Niwirirmbe kandi unezerwe, mukobwa wa Siyoni! Kuko, raba, ndaje kuba muri mwebwe, ni ko Data wa twese avuga.
11“Amahanga menshi azokwegera Data wa twese kuri uwo musi kandi azoba abana banje. Nzoba muri mwebwe, kandi muzomenya ko Data w’ingabo zo mw’ijuru ari we yantumye kuri mwebwe. 12Kandi Data wa twese azokwegurira Yuda nk’umugabane wiwe mu gihugu ceranda, maze asubire guhitamwo Yeruzalemu.
13Nucereze, abafise umubiri mwese, imbere ya Data wa twese, kuko avyutse ava mu bwicaro bwiwe bweranda.”