Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Data wanje, Inkomezi zanje

Ku mukuru w’abaririmvyi. Iya Dawidi, umusavyi wa Data wa twese, uwo yaririmbiye Data wa twese amajambo aya ku musi yarokorwa mu minwe y’abansi biwe bose n’ukuva mu kuboko kwa Sauli.

Amaze gukizwa mu maboko ya Sauli, Dawidi aravuga inkuru yose. Yari arohamye mu migozi y'urupfu, maze gutaka kwiwe kumanura Data wiwe ava mw'ijuru ku muyaga, mu mwotsi no mu rubura, kugira amukure mu mazi menshi amushire ahirengeye.

Igice 18.

Ndagukunda, Data wanje, inkomezi zanje. Data wanje ni urutare rwanje n’igihome canje n’umukiza wanje; Data wanje, urutare rwanje, uwo mpungira muri we, inkinzo yanje, n’inkomezi zanje z’ugukiza, ikigo canje gikomeye. Nsaba Data wanje, uwukwiye gushemezwa, nca nkizwa abansi banje.

Imigozi y’urupfu yarankikuje; imivurungano y’ukurimburwa yaranyagaje. Imigozi y’ikuzimu yarampambiriye; imitego y’urupfu yarahanganye nanje. Mu marushwa yanje nasavye Data wanje; kuri Data wanje naritabaza. Ava mu ngoro yiwe yera yarumvise ijwi ryanje, n’akaborogo kanje ndamwitabariza kashitse mu matwi yiwe.

Maze isi irazunguzuka irasenyuka; imishinge y’imisozi irajugumira iranyiganyiga, kuko yari yarakaye. Umwotsi waduze uva mu mazuru yiwe, n’umuriro ukongora uva mu kanwa kiwe; amakara yaka yarasesekaye avuye muri we. Yarunamuye amajuru arayamanuka; umwiza wijimye wari munsi y’ibirenge vyiwe. Yagendeye kuri kerubi aragurutse; yaregutse ku mababa y’umuyaga. Yagize umwiza ikinz012 ciwe, ihema ryiwe rimukikije—amazi yijimye n’ibicu bibundabunda vyo mu kirere. Mu muco wamurabagirana imbere yiwe ibicu vyiwe vyaraturitse, bivanemwo urubura n’amakara y’umuriro. Data wanje na we yaratuvye mu majuru, Isumbavyose aragurisha ijwi ryiwe, bivanemwo urubura n’amakara y’umuriro. Yararekuye imyampi yiwe arabasanzaza; yararashe inkuba arabahunja. Maze imiferege y’ikiyaga irabonekana, n’imishinge y’isi irigaragaza, kubera igukankamira kwawe, Data wanje, kubera agahundagazi k’impemu yo mu mazuru yawe.

Yarambukije ukuboko avuye hejuru arampitamwo; yankuye mu mazi menshi akomeye. Yankuye mu minwe y’umwansi wanje w’inkomezi, no mu minwe y’abanyanka, kuko bari bankomeye. Barahanganye nanje ku musi w’ivyago vyanje, ariko Data wanje yari umuzitiro wanje. Yanshikanye ahantu hagutse; yarankijije, kuko yanyumvamwo akanyamuneza.

Data wanje yangize nk’uko ukugororoka kwanje kungana; nk’uko amaboko yanje yera yangororeye. Kuko nagumije inzira za Data wanje, kandi sinavuye kuri Data wanje mu bubisha. Kuko amabwirizwa yiwe yose yari imbere yanje, kandi sinaretse amategeko yiwe. Nari ntagicumuro imbere yiwe, kandi niyinjije kure y’ivyaha. Nuko Data wanje yarangororeye nk’uko ukugororoka kwanje kungana, nk’uko amaboko yanje yera imbere yiwe.

Ku bwizigirwa werekana ko uri uwizigirwa; ku butagira icumuro werekana ko utagira icumuro; ku butyoroye werekana ko uri uwutyoroye, ariko ku bagoramye werekana ubwenge bwawe. Kuko ukiza abantu bicishije bugufi, ariko amaso y’ubwishime urayamanura. Kuko ari wewe wakira itara ryanje; Data wanje amurikira umwiza wanje. Kuko kubera wewe nshobora kwiroha mu murwi w’abasirikare, no kubera Data wanje nshobora kurenga uruzitiro.

Nayo Data wanje—inzira yiwe iratunganye; ijambo rya Data wanje riragaragara ko ari ukuri; ni inkinzo kuri bose bamuhungira. Kuko ni nde ari Data wa twese atari Data wanje? Kandi ni nde ari urutare atari Data wa twese? Ni Data wanje ankenyereza inkomezi kandi agatunganya inzira yanje. Agira ibirenge vyanje nk’ibirenge vy’impongo kandi ankomereza ku bibanza bihanamye. Amenyereza amaboko yanje kurwana, ku buryo amaboko yanje ashobora kugoramika umuheto w’umuringa. Wampaye inkinzo y’ukukiza kwawe; ukuryo kwawe kundemesha, n’ubugwaneza bwawe bwangize uwukomeye. Ugurira ahantu hagutse intambuko zanje munsi yanje, kandi ibirenge vyanje ntibitibuka.

Nagize abansi banje ndabahiga ndabashikira; sinagaruka inyuma gushika bahereje. Ndabakubita ntibashobore kuvyuka; baragwa munsi y’ibirenge vyanje. Wankenyereje inkomezi z’intambara; wagize abanyivyukiye ngo bangwe baragwa munsi y’ibirenge vyanje. Wagize abansi banje bampindukiza umugongo, n’abanyanka ndabatikiza. Bararize basaba gutabarwa, ariko nta wari kubakiza; bararize kuri Data wanje, ariko ntiyabishuye. Ndabasekura nk’umukungugu ujanwa n’umuyaga; ndabasesa nk’ivyondo vyo mu mabarabara. Wankuye mu kwinyonkora kw’abantu; wangize umutwe w’amahanga; abantu ntari nzi ubu barandungukira. Igihe nyene bunyumvako, baranyumvira; abanyamahanga bandungukira bitwenguza. Abanyamahanga baratenguhwa baza banyiganyiga bava mu bigo vyabo bikomeye.

Data wanje ariho! Hahezagirwe urutare rwanje, kandi hashemezwe Data ankiza, Data ampa ubutungane kandi ayobora amahanga munsi yanje, uwankuye mu minwe y’abansi banje. Egome, wandurutsa abanyivyukiye ngo bangwe; wankuye mu minwe y’umuntu w’umunyabugizi. Ni co gituma nzogushemeza, Data wanje, mu mahanga, kandi nziririmbe amashemezo izina ryawe.

Aha umwami wiwe intsinzi nini, kandi agaragariza urukundo rw’isezerano uwo yarobanuje, ni ukuvuga Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.