Dawidi atabaza ari mu buvumo
Zaburi y’ubukerebutsi ya Dawidi, igihe yari mu buvumo. Isengesho.
Dawidi asengera mu buvumo, akadondora ukwigunga kwose: ndaba iburyo bwanje, nta n'umwe anzi, nta buhungiro busigaye, nta n'umwe yitaho ko mbaho. Yita Data umugabane wiwe mu gihugu c'abazima, agasaba gukurwa mw'ibohero.
142 1Ndataza Data wa twese n’ijwi ryanje; n’ijwi ryanje ndamwinginga ngo angirire ikigongwe. a a v1 Maskili ni ururirimbo rw’inyigisho rwo kuzirikana, Zaburi yagenewe kuzirikanwa, atari ukuririmbwa gusa. 2Ndasuka ukwidodombera kwanje imbere yiwe; imbere yiwe ndamwiganira amagorwa yanje. 3Igihe umutima wanje ucika intege muri jewe, ni wewe uzi inzira yanje. Mu nzira ngendamwo banyiherereyemwo umutego. 4Raba iburyo bwanje urabe, nta muntu ariho anyizi; nta buhungiro busigaye kuri jewe; nta muntu yitwararika ubuzima bwanje. 5Ndagutabaza, Data wa twese; ndavuga nti: “Wewe uri ubuhungiro bwanje, umugabane wanje mu gihugu c’abazima.” 6Umviriza akamo kanje, kuko nagizwe muto cane. Unkize abankurikirana, kuko bandushije inkomezi. 7Ukure ubugingo bwanje mu munyororo, kugira ngo nshobore gushemeza izina ryawe. Abagororotsi bazonkikuza, kuko uzongirira neza cane.