Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Data aza kuzura Umwana wiwe

Abagore bashika ku mva mu mutwenzi bagasanga yuguruye, abarinzi bameze nk'abapfuye, n'umumarayika avuga ko Data yamuzuye. Abasoda bahabwa amahera ngo bavuge ko umuvyimba wibwe. Ku musozi wo muri Galilaya bamwe baracakekeranya, ariko bose barungikwa mu mahanga yose.

Igice 28.

Isabato ihejeje kurangira, mu museso w’umusi wa mbere w’indwi, Mariya Magadalena na wa wundi Mariya baje kuraba imva. Maze haca haba umutingito mwinshi w’isi, kuko umumarayika wa Data wa twese yamanutse ava mw’ijuru, anyiganyuza rya buye, ariryicarako. Ukuntu yabonekerana kwari nk’umuravyo, n’impuzu ziwe zari zera nk’urubura. Abarinzi bajugumira bamutinya, baca bamera nk’abapfuye. Mugabo wa mumarayika abwira abo bagore ati: “Ntimutinye, kuko nzi yuko murondera Yesu, uwabambwe ku musaraba. Nta ho ari ng’aha, yarazutse nk’uko yari yavuze. Nimuze murabe aho yari aryamye. Nimugende ningoga, mubwire abigishwa biwe muti: Yarazutse mu bapfuye. Ehe arabatangura aja i Galilaya; ni ho muzomubonera. Ehe ndabibabwiye.”

Nuko bava kuri rya mva ningoga, bafise ubwoba n’umunezero mwinshi, biruka kubibwira abigishwa biwe.

Maze Yesu aca abasanganira, ababwira ati: “Amahoro kuri mwebwe!” Baregera, bamufata ku birenge, baramusenga. Maze Yesu ababwira ati: “Ntimutinye. Nimugende mubwire bene wacu ngo baje i Galilaya, ni ho bazombonera.”

Inkuru abarinzi bahimbye

Bakiri mu nzira, bamwe muri ba barinzi binjira mu gisagara, bamenyesha abakuru b’abaherezi ivyabaye vyose. Bamaze guhurira hamwe n’abashingantahe, baratumbereza umugambi, baca bahemba abasoda amahera menshi, bababwira bati: “Muvuge muti: Abigishwa biwe baje mw’ijoro, bamwiba igihe twari dusinziriye. Nimba ivyo bishitse ku buyobozi, tuzomwumvisha maze mubure ikibazo.” Baca batora ya mahera, bagira nk’uko babibwiwe; iyo nkuru ikwirakwira mu Bayuda gushika n’uyu musi.

Data atanga ubutumwa ku mahanga yose

Nuko ba bigishwa cumi na rimwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yabatumbereje. Bamubonye baramusenga, mugabo bamwe baragira amakenga.

Yesu araza ababwira ati: “Ubukuru bwose mw’ijuru no mw’isi bwarampawe. Ni co gituma nimugende muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, a a v19 Izina ni irimwe: izina rimwe, Abantu batatu — Data, Umwana, na Mpwemu Yera. mubigisha kwubahiriza ivyo nababwiye vyose. Mwibuke, ndi kumwe namwe imisi yose, gushika ku mperuka y’igihe.”