Indamutso ku b’i Tesalonika
Ikete rikurikira rikomeza ishengero ryari ryasobanyuwe ku vyerekeye umusi w'Umwami, kandi ribahamagarira guhagarara bashikamye.
1 1Pawulo, na Siluwano, na Timoteyo, turandikiye ishengero ry’i Tesalonika riri muri Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo: 2Ubuntu n’amahoro bibe kuri mwebwe, bivuye kuri Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
Gukenguruka ukwizera kwanyu kuriko kurakura
3Dutegerezwa gukenguruka Data wa twese ku bwanyu imisi yose, bene Data na bashiki bacu, kandi ni vyo bikwiye, kuko ukwizera kwanyu kugenda kurushiriza gukura, kandi umwe wese muri mwebwe akarushiriza gukunda abandi. 4Ni co gituma natwe ubwacu tubīgamba muri mwebwe mu mashengero ya Data wa twese, ku bw’ukwihangana n’ukwizera kwanyu mu mibabaro yose no mu makuba mwihanganira.
5Ivyo ni ikimenyamenya c’urubanza rutabera rwa Data wa twese, ko mwabaruwe ko mukwiriye ubwami bwa Data wa twese, ubwo namwe mubabarira. 6Kubera ko Data wa twese ari umutungane, azohana amakuba abo babateza amakuba, 7maze namwe mwebwe mubabara abahe iruhuko, hamwe natwe, igihe Umwami Yesu azohishurwa avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha, 8mu rubeya rwaka umuriro, azana urubanza rutabera kuri bamwe batazi Data wa twese, no kuri bamwe batagamburukira inkuru nziza y’Umwami wacu Yesu. 9Bazohanishwa iyonwa ridashira, kure y’uruhanga rw’Umwami n’ububasha bwiwe buninahaye, 10kuri uwo musi, igihe azoza ngo aninahazwe mu beranda biwe, aheburwe n’abizeye bose, kuko intahe yacu twabahaye yemerewe.
11Ku bw’ivyo tubasengera imisi yose, kugira ngo Data wa twese ababare ko mukwiriye ukubahamagara, kandi akwize ku bw’ububasha bwiwe icipfuzo cose c’iciza n’igikorwa cose c’ukwizera, 12kugira ngo izina ry’Umwami wacu Yesu rininahazwe muri mwebwe, namwe muninahazwe muri we, ku bw’ubuntu bwa Data wa twese n’ubw’Umwami Yesu Kristo.