Gitandara canje, Ntunumire
Iya Dawidi.
Ico Dawidi atinya ni ugucecekerwa: nimba Data wiwe, Igitandara ciwe, atamwishuye, aba ari mu bapfuye. Asaba ko atokururwa hamwe n'abantu bavuga amajambo y'ubucuti bahishe ikibi. Mu hagati y'isengesho arumvirizwa, maze isengesho rigahinduka ugushimira.
28 1Ndakwambaza wewe, Data; Gitandara canje, ntiwiyubikire amatwi, kuko niwaguma uniniwe, nzocika nk’abamanukira mw’icobo.
2Numva ugutakamba kwanje kugira ngo ungirire ikigongwe igihe ngukoye ndondera imfashanyo, igihe ndamvura amaboko yanje nerekeza ku hantu hawe heranda.
3Ntunkururane n’ababi, n’abakora ikibi, bavugana amajambo meza na bagenzi babo mu gihe inabi iri mu mitima yabo. 4Ubahembe nk’uko ibikorwa vyabo biri, nk’uko ingendo mbi zabo ziri; ubahembe nk’uko igikorwa c’amaboko yabo kiri; ubagarurireko ivyo bakwiye. 5Kubera ko ata co bitaho ku bijanye n’ibikorwa vya Data canke igikorwa c’amaboko yiwe, azobasambura kandi ntazokwigera abubaka.
6Hahirwe Data wa twese, kuko yumvise ugutakamba kwanje nasavira ikigongwe. 7Data ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje; umutima wanje umwizigira, kandi ndatabawe. Umutima wanje usimbagurika n’umunezero, kandi ndamukenguruka n’ururirimbo rwanje.
8Data ni we nkomezi z’abantu biwe; ni we gihome gikiza c’uwo yarobanuje. 9Kiza abantu bawe uhezagire intoranwa yawe; ubarage kandi ubatware ibihe bidashira.