Ese ukuntu Izina Ryawe Rihambaye
Ku mukuru w’abaririmvyi: kuri Gititi. Zaburi ya Dawidi.
Yitegereje ijuru ryo mw'ijoro, umwanditsi wa zaburi abaza igituma Umuremyi w'ukwezi n'inyenyeri yokwitwararika ibiremwa bitoyi nk'ivyo. Inyishu si uko abantu ari bakuru, ariko ni uko Data wacu yabambitse icubahiro nk'ikamba akabaha ibikorwa vyiwe.
8 1Ewe Data wa twese, Mwami wacu, ese ukuntu izina ryawe rihambaye mw’isi yose! Washize ubwiza bwawe hejuru y’amajuru. 2Mu kanwa k’abana bato n’ab’inkeri washinzemwo inkomezi, kubera abansi bawe, kugira ngo ucereze umwansi n’uwihora. 3Iyo ndabye amajuru yawe, igikorwa c’intoke zawe, ukwezi n’inyenyeri wagishije ahantu hazo, 4umuntu ni iki ngo umwitwararike, umwana w’umuntu ngo umwitwemwo? a a v4 Umwanditsi w’Abaheburayo ayo majambo ayerekeza kuri Yesu — Umwana w’Umuntu yagizwe muto gato gusumbwa n’abamarayika mu kanya gato, maze hanyuma yambikwa ikamba ry’ubwiza n’iteka (Abaheburayo 2:6-9). 5Yamara wamugize muto gato gusumbwa n’ibiremwa vyo mw’ijuru, umwambika ikamba ry’ubwiza n’iteka. 6Wamuhaye ubutware hejuru y’ibikorwa vy’amaboko yawe; washize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe: 7intama zose n’inka, hamwe n’ibikoko vyo mu gasozi, 8inyoni zo mu kirere, n’amafi yo mu kiyaga, ivyo vyose binyura mu nzira z’ibiyaga. 9Ewe Data wa twese, Mwami wacu, ese ukuntu izina ryawe rihambaye mw’isi yose!