Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Amahanga azotururukira ku musozi wa Data wa twese

Amahanga aduga ku musozi wa Data wacu kugira ngo yigishwe, acura inkota zayo zikaba amasuka, umuntu wese yicaye munsi y'umuzabibu wiwe atagira ico atinya. Hanyuma ivyo tubona bisubira mu gihe ca none: Siyoni iri mu bise, ija i Babuloni, igakirirwa ngaho aho kudaharirwa urwo rugendo.

Igice 4.

Mu misi ya nyuma umusozi aho inzu ya Data wa twese ihagaze uzoshimangarwa cane uraba uwuhanitse kuruta iyindi misozi, uzoninahazwa hejuru y’udusozi, kandi amahanga azowutururukira. Amahanga menshi azoza avuge ati: “Nimuze, tuduge ku musozi wa Data wa twese, ku nzu y’Imana ya Yakobo, kugira ngo atwigishe inzira ziwe natwe tugendere mu makiriza yiwe.” Kuko inyigisho izova i Siyoni, n’ijambo rya Data wa twese rikava i Yeruzalemu. Azocira imanza hagati y’amahanga menshi, atunganye amatati y’amahanga akomeye ari kure. Bazocūra inkota zabo zibe amasuka n’amacumu yabo abe imihoro; ihanga ntirizozura inkota ngo ritere irindi, eka ntibazosubira kwitoza intambara. Umwe wese azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’umusukoni wiwe, kandi nta muntu azobatinyisha, kuko Data wa twese, Nyen’ingabo zo mw’ijuru, we nyene yavuze. Kuko amahanga yose agendera mw’izina ry’imana yabo, mugabo twebwe tuzogendera mw’izina rya Data wa twese ibihe bidashira.

Data wa twese akoranya abana biwe bari bashwiragiye

Kuri uwo musi, ni ko Data wa twese avuga, nzokoranya abacumbagira, nkoranye n’abirukanywe, abo nagoye. Abacumbagira nzobagira amasigarira, n’abirukanywe kure mbagire ihanga rikomeye, kandi Data wa twese azobaganza ku musozi wa Siyoni kuva ubu gushika ibihe bidashira.

Nawe, munara w’ubusho, kar͞umba k’umukobwa wa Siyoni, ni kuri wewe bizoza—ubwami bwa kera buzosubira, ubwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu.

None kubera iki uboroga n’ijwi rirenga? Mbega nta mwami uri muri wewe? Mbega umujana wawe yarapfuye, ku buryo ububabare bwagufashe nk’umugore ariko aribaruka? Nyinyagarika unihe, mukobwa wa Siyoni, nk’umugore ariko aribaruka, kuko ubu uzova mu gisagara ube mu gahinga; uzoja i Babiloni. Ng’aho ni ho uzorokolerwa; ng’aho Data wa twese azogucungura mu minwe y’abansi bawe.

Ubu amahanga menshi arakoranijwe ngo agutere, avuga ati: “Niyandurishwe, kandi amaso yacu yihere i Siyoni.” Mugabo ntayazi ivyiyumviro vya Data wa twese; ntatahura umugambi wiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imiganda ku rubuga rwo guhūra. Vyuka uhūre, mukobwa wa Siyoni, kuko ihembe ryawe nzorigira icuma n’amano yawe ndayagire umuringa; uzohonyora amahanga menshi, kandi uzotura Data wa twese ivyo bagiye bironkera, n’ubutunzi bwabo ubutūrire Umwami w’isi yose.