Intumwa iraza kugira ngo ityorore
Intumwa iriko iraza gutegura inzira, mugabo umuriro w'umuyagisha ntunezereye. Ikirego ni ubusuma mu vya cumi no mu mashikanwa, bigakurikirwa n'ugutumirwa kugerageza Data wacu. Abamwubaha baraganira hagati yabo, kandi hakandikwa igitabu c'icibutso.
3 1Raba, ndungika intumwa yanje, kandi izotegura inzira imbere yanje. Maze ako kanya Umwami muriko murarondera azoza mu ngoro yiwe, ni we ntumwa y’isezerano munezererwa. Raba, aje, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga. a a v1 Intumwa itegura inzira ni Yohana Umubatizi, nya Mwami aza mu ngoro yiwe ni Yesu, ni we ntumwa y’isezerano. Mariko atangurana Inkuru Nziza yiwe n’aya majambo nyene (Mariko 1:2), kandi Yesu ayashira kuri Yohana (Luka 7:27). 2“Ariko ni nde ashobora kwihanganira umusi aza? Ni nde azoshobora guhagarara igihe aziyerekana? Kuko ameze nk’umuriro w’umutyorozi, nk’isabuni y’umwozi. 3Azokwicara ngo atyorore kandi ahweze ifeza; azohweza bene Lewi, abatyorore nk’izahabu n’ifeza, maze bazanire Data wa twese amashikanwa mu kugororoka. 4Maze ishikanwa rya Yuda na Yeruzalemu rizohimbara Data wa twese, nk’uko vyagenda mu misi ya kera, nk’uko vyagenda mu myaka ya mbere.”
5Nzokwegera kugira ngo mbacire urubanza, mbe icabona kigira ningoga mbiri abaloga, abarenga ibigo, abarahira ibinyoma, abahemukira umukozi ku mushahara wiwe, abahahaza umupfakazi n’impfuvyi, abirukana kabure kanyamahanga, ntibantinye, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga.
Nimugaruke kuri So wanyu
6Kuko jewe, So wanyu, ntihinduka; ni co gituma mwebwe, bene Yakobo, mutarimburwa.
7Kuva mu misi ya ba sokuruza, mwaravye amategeko yanje mntimwayubahiriza. Nimungarukire, nanje nzobagarukira, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga. Ariko muribaza muti: ‘Tuzogaruka gute?’
8Mbega umuntu yoba yambura So wiwe? Yamara mwebwe murandambura. Ariko muribaza muti: ‘Twakwambuye gute?’ Mu kw’icumi no mu mashikanwa. 9Muravumwe n’umuvumo, kuko muriko murandambura, mwebwe ihanga ryose. 10Nimuzane ikw’icumi cose mu bubiko, kugira ngo haboneke ibifungurwa mu nzu yanje. Nimungeze ivyo, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga, murabe nimba ntazobazibukurira amadirisha yo mw’ijuru ngo mbasesekazeko umuhezagiro gushika aho ata co mukibura. 11Nzobakankamira umuhonyozi, kugira ngo ntuzorimbure ivyamwa vy’ubutaka bwanyu, kandi umuzabibu wanyu wo mu murima ntuzobure kwama, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga. 12Maze amahanga yose azobita abahezagiwe, kuko muzoba ari igihugu c’akanyamuneza, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga.
13Amajambo yanyu yari makarihe kuri jewe, ni ko Data wa twese avuga. Ariko muribaza muti: ‘Ni iki twavuze kuri wewe?’
14Mwavuze muti: ‘Gukorera Imana nta co bimaze. Twungutse iki mu kuzigama ivyo yadutegetse no mu kugendera imbere ya Data w’ingabo zo mw’ijuru nk’abagandaye?’ 15None none twita abibone abahezagiwe. Abakora inabi barateba; mbere baragerageza Imana bagakira.
16Maze abatinya Data wa twese bavugana, nawe aratega ugutwi arumva. Igitabu c’ukwibuka candikwa imbere yiwe ku bw’abamutinya n’abakunda cane izina ryiwe.
17Bazoba abanje, ni ko Data w’ingabo zo mw’ijuru avuga, ku musi nzogira ico nkoze, bazoba ubutunzi bwanje bw’intibagirwa. Nzobakiza nk’uko se akiza umwana wiwe amukorera. 18Kandi muzosubira kubona itandukaniro riri hagati y’uwugororotse n’umubisha, hagati y’uwukorera Data wa twese n’uwutamukorera.