Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Taka cane — Vuga igikomere

Abantu barisonzesha bakidodomba ko Data wacu atabibonye. Abishura ko bisonzesha mu gihe bariko barahamba abakozi babo kandi barwana. Ukwisonzesha ashaka ni ukurekura iminyororo, ugusangira umukate, kwinjiza mu nzu abatagira aho baba. Nibabigira, umuco wabo uzokwaka nk'umuseke.

Igice 58.

“Sakira, ntiwihagarike; duza ijwi ryawe nk’inzamba. Menyesha abantu banje ukugarariza kwabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyayo.

“Yamara imisi yose baranrondera kandi bakanezerererwa kumenya inzira zanje, nk’ihanga rikora ivyogororotse kandi ritirengagije ubutungane bwa Data wabo. Bansaba imanza zigororotse; baranezererwa kwiyegereza Data wa twese. Kubera iki twisonzesheje, wewe ntiwabibonye? Kubera iki twicishije bugufi, wewe ntiwabyitayeho?’ Raba—ku musi w’ukwisonzesha kwanyu murakurikira ukwipfuza kwanyu, kandi mugahata abakozi banyu bose.

“Raba—mwisonzesha kugira ngo muteranye kandi murwane kandi mukubite n’igipfunsi kibi. Ntimushobora kwisonzesha nk’uko mugira uyu musi mukibaza ko ijwi ryanyu rizokwumvwa mw’ijuru. Mbega uku ni ko kwisonzesha nitoranirije, umusi umuntu yicisha bugufi? Mbega ni ukunamika gusa umutwe nk’urufunzo, no gusasa impuzu z’ibigunira n’iminyota munsi yiwe? Mbega uku ni ko mwita ukwisonzesha, umusi uhimbara Data wanyu?

“Mbega kwisonzesha nitoranirije si uku: gutatura iminyororo y’ububisha, gupfundurura imigozi y’ingǒgo, gutabara abahahazwa, no kuvuna ingǒgo yose? Mbega si ukugaburira abashonje umukate wawe, no kwinjiza mu nzu yawe abakene ata ho baba; umubonye ambaye ubusa, ukamwambika, kandi ntiwinyegeze ku bawe bo mu nyama no mu maraso?

“Maze umuco wawe uzorasa nk’umutwenzi, n’ugukira kwawe kuzoca gutumbuka; ubutungane bwawe buzokuja imbere, n’ubuninahazwa bwanje buzoba inyuma yawe.”

Maze uzohamagara, nanje nzokwishura; uzotaka usaba imfashanyo, nanje nzovuga nti: ‘Ndaho.’ Nimba ukuraho ingǒgo iri muri mwebwe, no gutunga urutoke no kuvuga nabi,

“nimba wisesagurira abashonje kandi ukanyuza abahahazwa, maze umuco wawe uzorasira mu mwiza, n’ijoro ryawe rizocika nk’umutaga. Nzoguyobora ubudahengeshanya, kandi nzogukwiza mu bibanza vyumagaye; nzokomeza amagufa yawe. Uzoba nk’umurima wuhiriwe, nk’isōko ry’amazi adahera. Abantu bawe bazokwubaka amatongo ya kera; uzohagurutsa imishinge ya kera cane. Uzokwitwa Uwuziba Umwobo, Uwusubiza Amabarabara ngo habe aho kuba. a a v12 'Umwobo' ni icinya canke ahasambutse mu rukuta rw’igisagara; iryo zina rigereranya umuntu aziba iyo nzaraka akongera agasubizaho ibikingira.

“Nimba ukingira ikirenge cawe ngo ntuhonyange Isabato, ntukurikire ukwipfuza kwawe ku musi wanje wera; nimba wita Isabato umunezero kandi ukubaha umusi wanje wera; nimba uwukubaha utagize inzira yawe bwite, ntukurikire ukwipfuza kwawe canke ngo uvuge amajambo y’ubusa, maze uzoronka umunezero wawe muri jewe, nanje nzotuma wuga ku bibanza bikirurutse vy’igihugu kandi nzogaburira n’intoranwa ya so Yakobo—kuko akanwa ka Data wanyu kavuze.”