Ubu Kiraboneka mu Gitabu
Igitabu

Ururirimbo rw’Asafu rwo Kwizigira

Ku mukuru w’abaririmvyi: ku rwimbo “Ntuzimange.” Zaburi ya Asafu. Ururirimbo.

Abantu barashima, hanyuma Data akivugira ubwiwe: ni we ashinga igihe c'urubanza, akomeza inkingi z'isi zidahungabana, kandi abwira abiyogeza ngo bareke kwerekana inkomezi zabo. Iduzwa ntirituruka mu ruhande na rumwe rw'ikarata; ni we acisha bugufi umwe, akaduza uwundi.

Igice 75.

Turagukengurukira, Data wa twese; turagukengurukira, kuko izina ryawe riri hafi. Abantu baravuga ibikorwa vyawe vy’igitangaza.

“Ku gihe nagennye, ni ho nzocira urubanza nta nkunzi.

“Igihe isi n’abayibamwo bose bajugumira, ni jewe ngumya inkingi zayo zikaramba. Mbwira abibona nti: ‘Ntimwirate,’ nkabwira ababi nti: ‘Ntimwishire hejuru ububasha bwanyu.’ a a v4 “Ihembe” hano rigereranya inkomezi n’ubwibone — “kwiduza ihembe” ni ukwishira hejuru ububasha bwiwe nyene. Ntimwishire hejuru ububasha bwanyu mwivuna gutyo; ntimuvuge n’ubwibone bungana gutyo.”

Kuko nta n’umwe ava mu buseruko canke mu burengero, eka mbere nta n’uva mw’ibanga, ashobora kwiduza. Ni Data wa twese acira urubanza; Mu kuboko kwa Data wa twese harimwo igikombe c’umuvinyu urabijagira, wuzuye uvanze, maze akawusesa; ababi bose bo mw’isi bategerezwa kuwunywa gushika ku masimbi. Nayo jewe, nzobivuga ibihe bidashira; nzoririmbira Imana ya Yakobo indirimbo z’ishemezo.

“Nzoca ububasha bwose bw’ababi, mugabo ububasha bw’abagororotse buzoduzwa hejuru.”