Genda mu bukerebutsi, usenge n’ubwizigirwa
Paulo asaba gusengerwa ngo Data wacu yugurure urugi rw'ubutumwa naho ari mu minyororo, ahimiriza imvugo y'ubuntu, irimwo umunyu, ku batari bo, hanyuma avuga abagenzi biwe umwe umwe — Tikiko, Onesimo, Epafura abasengera cane, Luka, Mariko.
4 1Bashingantahe, muhe abaja banyu ivyo bakwiye n’ivy’ubutungane, kuko namwe mufise Shebuja mw’ijuru.
2Nimwihebere isengesho, mugumye kurikariranwa muryo n’ugukenguruka. 3Mudusabire natwe, kugira ngo Data wa twese adukingurire urugi rwo gushikiriza ubutumwa, tumenyeshe ibanga rya Kristo, iryo mpora mboheye mu minyororo, 4kugira ngo ndishure neza, nk’uko mbwirizwa kuvuga.
5Nimugendere mu bukerebutsi ku bo hanze, mwungukira kuri buri karyo. 6Imvugo yanyu yame iranga ubuntu, iryoshejwe n’umunyu, muzi ingene mwishura umwe wese. a a v6 Iryoshejwe n’umunyu: amajambo arimwo ivyiyumviro vyiza kandi akwega, amajambo akwiye kwumvirizwa.
Abavukanyi bakozi b’urukundo
7Tikiko, umuvukanyi wacu dukunda, umusuku w’umwizigirwa akaba n’umuja mugenzi wanje mu Mwami, azobabwira vyose ivyanje. 8Ni co catumye ndamurungika iwanyu, kugira ngo mumenye ukuntu turi, kandi aremeshe imitima yanyu, 9ari kumwe na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa dukunda, umwe muri mwebwe. Bazobabwira vyose ibiriko bibera hano.
10Arisitariko, mugenzi wanje mpana nawe mu buroko, na Mariko, mwene wabo na Barunaba, barabaramukije. Mwaronse amabwirizwa amwerekeye: nimwamwakira nimwaza iwanyu, 11na Yesu, uwitwa Yusito, ni bo bonyene b’Abayuda mu bakozi bagenzi banje mu bijanye n’ubwami bwa Data wa twese; ni bo bampoza.
12Epafura, umwe muri mwebwe, umusuku wa Kristo Yesu, arabaramukije, uwama abishwagiza kubasabira mu masengesho, kugira ngo muhagarare mushitse kandi mwemejwe rwose muri vyose Data wa twese agomba. 13Ndabishingira intahe ko yababereye umuruho mwinshi, mwebwe n’abo i Lawodikiya n’i Hiyerapoli. 14Luka, umuganga dukunda, arabaramukije, na Dema aramukije.
15Nimuramukize abavukanyi bo i Lawodikiya, na Nimufa n’ishengero ryo mu nzu yiwe. 16Iyi kete niyamara gusomwa muri mwebwe, mugire ngo isomwe no mw’ishengero ry’i Lawodikiya, namwe musome iyava i Lawodikiya. 17Kandi mubwire Arikipo muti: “Witwararike urangize igikorwa wahawe mu Mwami.”
18Jewe Paulo, ndabandikira iri ramukanya n’ukuboko kwanje. Nimwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.