Abasenga bashinzwe gukorera Data wa twese
Abaririmvyi bashirwa mu murimo wa Data wacu nk'abasoda: abacuranzi magana abiri na mirongo umunani n'umunani bamenyerejwe, barongowe na Asafu, Yedutuni na Hemani, kandi ivyo bacuranga vyitwa kuvuga ubuhanuzi. Ibiringo vyabo na vyo bifindwa, umwigisha n'uwigishwa kimwe: ubuhanga ni bwo bushiraho urugero, ariko ubufindo ni bwo bushiraho ingengabihe.
25 1Dawidi n’abakuru b’ingabo baratoranije bamwe mu bana ba Asafu, Hemani na Yedutuni ngo bakore, babwiriza bariko bavuza inanga, indongoro n’ibicuma. Igitigiri cabo, ku gikorwa kumwe na kumwe, cari iki: 2Abana ba Asafu: Zakuri, Yosefu, Netaniya na Asharela, abana ba Asafu bari ku butegetsi bwa Asafu, abo yabwiriza ku butegetsi bw’umwami. 3Abana ba Yedutuni: Gedaliya, Zeri, Yeshaya, Shimeyi, Hashabiya na Matitiya, batandatu, bari ku butegetsi bwa se Yedutuni, uwo yabwiriza avuza inanga, ashima kandi ahaya Data wa twese. 4Kuri Hemani, abana ba Hemani: Bukiya, Mataniya, Uziyeli, Shebuyeli, Yerimoti, Hananiya, Hanani, Eliyata, Gidaliti, Romamuti-ezeri, Yoshibekasha, Maloti, Hotiri na Mahaziyoti. 5Abo bose bari abana ba Hemani, umumenyi w’ivya mw’iyerekwa w’umwami, baherwe biciye kw’ijambo rya Data wa twese ngo bamuduze. Data wa twese yahaye Hemani abana b’abahungu cumi na bane n’abana b’abakobwa batatu. 6Abo bose bari ku butegetsi bwa se ku vyerekeye ururirimbo mu nzu ya Data wa twese, bavuza ibicuma, indongoro n’inanga ku bw’igikorwa c’inzu ya Data wa twese; Asafu, Yedutuni na Hemani bari ku butegetsi bw’umwami. 7Igitigiri cabo, hamwe na bene wabo bamenyerejwe kuririmbira Data wa twese, bose b’abahanga, cari 288. 8Nuko baterera ibisïmbo ku gikorwa cabo, abato n’abakuru kumwe, umwigisha n’umwigishwa kumwe.
9Igisïmbo ca mbere caje kuri Asafu, kuri Yosefu; ica kabiri kuri Gedaliya hamwe na bene wabo n’abana biwe, cumi na babiri. 10Ica gatatu kuri Zakuri, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 11ica kane kuri Izuri, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 12ica gatanu kuri Netaniya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 13ica gatandatu kuri Bukiya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 14ica indwi kuri Yesarela, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 15ica umunani kuri Yeshaya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 16ica icenda kuri Mataniya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 17ica cumi kuri Shimeyi, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 18ica cumi na kimwe kuri Azareli, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 19ica cumi na kabiri kuri Hashabiya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 20ica cumi na gatatu kuri Shubayeli, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 21ica cumi na kane kuri Matitiya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 22ica cumi na gatanu kuri Yeremoti, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 23ica cumi na gatandatu kuri Hananiya, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 24ica cumi n’indwi kuri Yoshibekasha, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 25ica cumi n’umunani kuri Hanani, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 26ica cumi n’icenda kuri Maloti, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 27ica mirongo ibiri kuri Eliyata, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 28ica mirongo ibiri na kimwe kuri Hotiri, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 29ica mirongo ibiri na kabiri kuri Gidaliti, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 30ica mirongo ibiri na gatatu kuri Mahaziyoti, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri; 31ica mirongo ibiri na kane kuri Romamuti-ezeri, abana biwe na bene wabo, cumi na babiri.